Muri Portugal, abazimya imiriro barenga 3.000 hamwe n’indege 30 bariko bararwanya imiriro yo mw’ishamba yadutse muri ico gihugu. Abategetsi bavuze ko abantu 29 bamaze gukomeretswa n’iyo miriro.
Ikigo kijejwe gukingira abanyagihugu impanuka kivuga ko abarwanya imiriro bakora umurango n’ijoro kugira batururuze uwo muriro.
Umushikiranganji wa mbere wa Portugal hamwe na perezida baciye bahagarika ingendo bari bateguye gukora hanze y’igihugu, bahitamwo kuguma mu gihugu muri ivyo bihe kirimwo.
Ishirahamwe rya Buraya kuri uyu w’Imana ryatangaje ko ryarungitse indege gufasha kuzimya iyo miriro mu gihugu ca Portugal.
Iyi miriro iteye mu gihe Portugal iri mu bushuhe buri ku rugero rwa degre Celsius 43.
@AP