Nijeriya: Igitero kw'Ibohero i Abuja Cabohoje Imbohe Zirenga 600

Abategetsi b’amabohero muri Nijeriya bavuga ko abantu bitwaje ibirwanisho bateye ibohero ricungerewe bikomeye ku murwa mukuru, mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri. Ibi vyatumye umwe mu bacungera iryo bohero yicwa, abanyororo hafi 600 baratoroka.

Abategetsi bavuga ko abakoze ico gitero bahavuye basubizwa inyuma n’abajejwe umutekano.

Iri bohero rifungiwemwo abagizi ba nabi bo ku rwego rwo hejuru, barimwo abahoze ari abategetsi hamwe n’abarwanyi ba Boko Haram.

Iki gitero cabaye haheze amasaha abitwaje inkoho barashe urukurikirane rw’imodokari zarimwo iyitwaye Perezida Muhammadu Buhari, muri reta aturukamwo ya Katsina. Abategetsi bemeza kandi ko n’ico gitero caburijwemwo.

Nta muhari uremanga ko wakoze ico gitero. Ariko abategetsi bakeka ko ari umuhari w’iterabwoba Boko Haram.

VOA