Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed n'abategetsi b'umuhari urwanya reta y'ico gihugu OLA mu mpfunyapfunyo baragirizanya ubwicanyi bukabije bwakorewe abanyagihugu mu ntara ya Oromiya mu burengero bw'igihugu.
Abantu amajana n’amajana barishwe mu mezi ya vuba mu bwicanyi butera bwiyongera hagati y’ubwoko butandukanye. Ubwicanyi bwa nyuma bwabaye ku musi wa mbere mu mihana iri ahitwa Kellem Wollega, hafi y’ibilometero 400 mu burengero bw’umurwa mukuru Addis Abeba.
Ishirahamwe rijejwe agateka ka muntu ryagenywe na Reta ya Etiyopiya ryagiriza umurwi OLA ko ari wo wakoze ubwo bwicanyi. Umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed avuga ko bugayitse.
Umuvugizi w’umurwi OLA, Odaa Tarbii, yiyamirije ivyo vyagirizo mu kuvuga ko abarwanyi bakorana na reta aribo bakoze ayo mabi, mu gihe avuga ko Reta ya Etiyopiya iheruka kurungika inteko zayo muri ako karere ata na kimwe zakoze kugira zihagarike ubwo bwicanyi.
Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ntiryashoboye gutohoza ivyatangajwe n’izo mpande zompi.
Ni mu gihe uburyo bw’uguhanahana amakuru mu bice nka vyose vyageramiwe n’ubwo bwicanyi busa n’ubutakora uno musi kuwa kabiri.
Reta ya Etiyopiya yafashe ingingo zikomeye mu ntara ya Oromiya inyuma y’uko abantu bagera ku 340 bishwe mu kwezi guheze.
Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu ryagenywe na reta riyisaba kwongereza inteko zijejwe umutekano muri iyo ntara bifatiye ku bitero biheruka kuhabera.(Reuters)