Abanyagihugu baharurwa mu majana bo ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum, biyerekanye basaba abasirikare bafashe ubutegetsi kubusubiza.
Imyiyerekano y’abipfuza ko ubutegetsi buva mu minwe y’abasirikare yinjiye mu munsi wayo wa kane. Ku wa kane w’indwi iheze, abanyagihugu icenda ni bo bamenyekanye ko baguye mu myiyerekano ishusha nk’iy’uno wa Mungu, igihe abajejwe umutekano bagerageza kuyiburizamwo.
Bamwe mu biyerekana babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko bazobandanya kwiyerekana kugera ubutegetsi bwatembagajwe mu kwezi kw’icumi ko mu mwaka uheze busubiye mu minwe y’abasivire.
Kuva ubutegetsi bwa Sundani butembagazwa n’abasirikare mu mwaka uheze, abamaze kurwa mu myiyerekano yo gusaba ko abasivire babusubizwa bagera ku 114.