Nijeriya: Polisi Yatabaye 77 Bari Bamaze Amezi 6 Barindiriye Umuzo wa Yezu

Imodoka yegukira polisi ya Nijeriya

Polisi ya Nijeriya yatabaye abantu bagera kuri 77 barimwo abana bari bamaze amezi bafungiranye mu rusengero ruri muri Reta ya Ondo iri mu bumanuko bushira uburengero bw’ico gihugu.

Amakuru atangwa n’igipolisi ca Nijeriya yemeza ko abatabawe bari bamaze amezi agera kuri atandatu bugaraniye mu nyubakwa yo munsi y’urusengero rwitwa, Whole Bible Believers Church.

Bari bagiye kwiyugaranira muri iyo nyubakwa babwiwe ko bagiye kurindirirayo umuzo wa Yezu Kristu. Polisi ya Nijeriya yemeza ko naho abenshi mu bariyo bagiye ku bushake bwabo, hari abatwaweyo ku nguvu.

Umwigeme w’umuyabaga ari mu bari bamazeyo amezi atandatu yabwiye itangazamakuru ya Nijeriya ko yafashe ingingo yo kuja kwiyugarana n’abandi kubera “abavyeyi biwe bamwegeza kure y’Imana, kandi yipfuza kubona ijuru.”

Abategetsi ba Nijeriya batanguye gusaka muri urwo rusengero inyuma y’imyidogo y’abavyeyi b’abana bari yo. Polisi ya Nijeriyan yavuze ko yataye muri yompi pasiteri w’iryo shengero na bamwe mu bayoboke biwe.