ISTEBU:40% vy'Ingo mu Burundi Zirirwa Zitaronse ico Zifungura.

Bamwe mu banyagihugu b'i Ngozi mu Burundi

Ibice birenga 40% vy'ingo mu Burundi zirirwa zitaronse ico zifungura. Ivyo biri mu cegeranyo casohowe n'ikigo Isteebu kijejwe gutororokanya ibiharuro mu Burundi casohotse kuri uyu wa kane.

Ico kigo kivuga ko ubukene, amikoro make n'ukubura amafaranga ari imvo nyamukuru zituma iyo miryango itaronka ivyo gufungura.

Intara ya Ngozi mu buraruko bw'igihugu ni yo iza kw'isonga mu bwinshi bw'abantu batagira ico bashira ku munwa.

Inkuru ya Éloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.

Your browser doesn’t support HTML5

ISTEEBU Ivuga ko Inzara Yugarije Abanyagihugu mu Burundi