Prezida w'Uburundi Agabisha Abapolisi bo ku kibuga c'Indege Basega Amafaranga

Perezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye

Mu Burundi, umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yemeza ko abapolisi bakorera ku kibuga c'indege mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura basega amafaranga ingenzi. Avuga ko ari uguteza urubwa igihugu agasezeranya ko bazohanwa bikomeye.

Perezida Ndayishimiye kandi amenyesha ko hari uwundi murwi w'abapolisi ukorana n'abinjiza n'abasohora ibicuruzwa mu kinywabi bija mu bihugu bibanyi. Atangaza ko ataho batandukaniye n'abo bandi.

Iyo mirwi yose ayigabisha ko agiye kuyifatira ibihano agahamagarira abapolisi muri rusangi kwirinda gukoresha ibirwanisho mu guhohotera abanyagihugu no kutaboreza igufa abafungwa n'abanyororo.

Prezida Ndayishimiye yabivugiye mu nama y'abapolisi bagera kuri 90 batanguye inyigisho za kaminuza y'igipolisi iri mu ntara ya Bubanza mu burengero kugira bazovemwo intwazangabo.

Akatari gake, amashirahmwe yigenga yaragaye aranebagura ibikorwa vy’abapolisi anabagiriza ubugizi bwa nabi burimwo n’ukuzimanganiriza ubuzima abantu. Ligue Iteka riri muri yo. Umukuru waryo Anschaire Nikoyagize yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ata kintu kinini yizeye nk’impinduka naho umukuru w’igihugu yerekanye akababaro akanavuga ko azohana abapolisi bigenza nabi.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika

Your browser doesn’t support HTML5

Prezida Ndayishimiye avuga ko Abapolisi Basega Bacapfuza Uburundi