Amasendika y’abigisha muri Zimbabwe yifatanije n’abakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu mu gusaba reta kubahemba imishahara mu madolari y’abanyamerika aho guhembwa mw’ifaranga ry’igihugu ryataye agaciro cane.
Benshi mu bakozi ba reta muri Zimbabwe bahembwa amafaranga angana amadolari hafi 55 ku kwezi. Ni ic’icumi c’ayo bahora bahembwa imbere.
Denford Masona, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abanganga bakorera mu bitaro vya reta avuga ko batagishobora no gutunga imiryango yabo.
Avuga ko ataco bariko barasaba kitazwi kuri iyi si. Bakeneye gusa kubaho neza. Bamwe muri bo barubatse, bafise abana, bafi ivyo basabwa mu miryango, imishahara itagishobora gufasha. Ni ibi bakeneye.
Abanyezimbabwe benshi ku mbuga hwaniro, bakunze kunegura Perezida Emmerson Mnangagwa. Bavuga ko ataco ariko arakora ngo yiteho abakozi biwe. Bavuga ko arutwa n’igihe c’intwaro za gikoloni.