Mali: Abanyagihugu Basaba Reta Kubakingira

Bankass - Manif contre la gnedarmerie locale

Abanyemali batari bake bakoze imyiyerekano kuri uyu wa kabiri mu gisagara ca Bankass, hagati na hagati mu gihugu. Basaba reta kubakingira inyuma y’aho abakekwa kuba abajihadiste biciye abasivile 132, n’abandi bashobora kuba biyongereye kuri abo mu bigwati vyo hafi y’ico gisagara.

Reta ivuga ko umuhari witwaje ibirwanisho w’abo mu bwoko bw’abafulani witwa Katiba Macina, ari wo wagandaguye abo bantu.

Umutegetsi wo ku mutumba vyabereyeko, atashimye ko amazina yiwe agaragara, yavuze ko hashobora kuba hishwe abarenga 200 n’abanyurujwe. Yavuze ko batari bwigere babona ubwicanyi nk’ubu muri Mali. Asaba reta kugira ico ikoze.

Perezida atwara Mali muri iki gihe, Colonel Assimi Goita, yashinze imisi itatu yo kugandara kandi reta yarungitse abashikiranganji bane ahabereye ubwo bwicanyi.

Abategetsi bo mu karere ubwo bwicanyi bwabereyemwo bavuze ko abajihadiste bari ku mapikipiki bakikuje imihana y’abanyagihugu bica abagabo benshi mu mpera z’indwi irangiye. Bavuze kandi ko baturiye amabutike, basambura amazu kandi biba n’ibitungwa vy’abanyagihugu.

Gushika ubu nta muhari n’umwe uremanga ko wakoze ubwo bwicanyi.