Urubuga Facebook ruraregwa ko rwananiwe kubona no guhagarika inzandiko, intagondwa zarucishizweko. Itohozwa rishasha ryerekana ko Facebook itashoboye kubona imbere y’igihe inzandiko zashikirijwe n’umurwi wa kiyislamu hamwe n’umurwi al Shabab, zavuga kuri Afrika yo mu buseruko. Muri iki gihe uyo mugabane wa Afrika uhanzwe n’ibitero vy’inkozi z’ikibi kandi n’igihugu ca Kenya citeguriye amatora azohiganwamwo abanyapolitike bashaka kunganya amajwi, atohozwa.
Iryo tohozwa ryakozwe n’ishirahamwe ryitwa Strategic Institute Dialogue ryasanze Facebook yarakiriye inzandiko zigaragaza ko zishigikiye imirwi y’intagondwa za Reta ya Kisiyilamu na al-Shabab wo muri Somaliya, mu gihe izindi nzandiko zacishijwe kuri urwo rubuga mu ndimi z’Igiswahili, Igisomali hamwe n’Icarabu zashigikira ubwicanyi.
Abakoze iryo tohozwa bavuga kandi ko batewe amakenga n’ukuntu muri izo nzandiko harimwo izirega abategetsi b’igihugu ca Kenya hamwe n’abanyapolitike ko ari abansi b’abayisilamu.