Ibiganiro vy'Amahoro muri Etiyopiya

Inama nshingamateka ya Etiyopiya

Etiyopiya yagenye umurwi ujejwe ibiganiro vy’amahoro hagati ya Reta n’ubutegetsi bw’intara ya Tigreya. Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yabwiye abagize inama nshingamateka ya Etiyopiya ko uwo murwi uzotwarwa n’icegera ciwe, Demeke Mekonnen. Uyo murwi wahawe iminsi iri hagati ya 10 na 15 yo kwiga no gushikiriza ibizoja ku rutonde rw’ibizoganirwako.

Mu majambo yiwe yagize ati: “Turakeneye gusubira kuronka intsinzi twaronse muri kahise biciye mu biganiro vy’amahoro. Intambara irazingamitse iterambere ry’igihugu cacu. Urusasu rwose rurashwe ni nk’idolari tuba dutakaje.”

Naho ibiganiro vy’amahoro bibonwa nk’imwe mu nzira ishobora kurangiza intambara imaze amezi 18 muri Etiyopiya, ishirahamwe mpuzamakungu, International Crisis Group, ryabwiye Ijwi ry’Amerika ko kugira ivyo biganiro bigire ico bivamwo, bibwirizwa gutumirwamwo izindi mpande zidashamiranye. Ababitumiwe ntibaremenyekana.

Intambara yo muri Tigreya yatanguye mu kwezi kwa cumi na rimwe kwo mu 2020. Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, rivuga ko imaze kwangaza abarenga imiriyoni 2, ihitana amajana n’amajana.