Amerika itangaza ko yiteguriye gushigikira ibihugu vya Aziya ivuga ko bibangamiwe n’ico yise agasomborotso karengeje k’Ubushinwa. Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Amerika, Lloyd Austin, mu bihugu yavuze ko igihugu ciwe citeguriye gufasha kwivanako agasomborotso k’Ubushinwa harimwo Taiwan.
Austin yabwiye abategetsi b’ibihugu 42 bari mu nama ya mbere yitiriwe umutekano wa Aziya iriko ibera muri Singapore ko Amerika yitwararitse ivy’ibihugu bibarizwa mw’ibahari yitiriwe Ubuhundi na pacifique. Uwo mutegetsi yavuze ko mu migambi Amerika ifitiye ibihugu yemeza ko bibangamiwe n’Ubushinwa, harimwo iyo gufasha ivyo bihugu gusenyera ku mugozi umwe biciye mu masezerano atandukanye no gufashanya mu vya gisirikare.
Austin mu majamabo yiwe yagize ati: “ Ntituriko turarondera gucanishamwo canke gusomborotsa intambara. Nta ntambara twipfuza. Nta n’igishusha nka NATO twipfuza muri Aziya. Eka ntitwifuza ko umugabane wa Aziya ucanamwo ukicamwo ibice. Ariko ikiboneka, n'uko hari ibihugu vyo ku mugabane wa Aziya bihangayikishijwe n’agasomborotso k’igisirikare c’Ubushinwa.”
Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Amerika, yabwiye abari mu nama ya mbere mu vy'umutekano wa Aziya ko mu mwaka uza, Amerika izorungika abahinga bayo mu vyo gucungera imipaka yo mu mazi mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umugabane wa Aziya na Oceyaniya. Azoba ari ubwa mbere Amerika irungitse abarinzi nkaba ku buryo buhoraho muri ivyo bice.
Ingingo y’Amerika ibonwa nk’iyikomeye muri ibi bihe icuka atari ciza hagati y’Ubushinwa na Taiwan. Mu burorero Taiwan igarukako mu kwemeza ko isomborotswa n’Ubushinwa, harimwo indege z’igisirikare c’Ubushinwa akatari gake ziguruka mu kirere ca Taiwan. Ubushinwa bwemanga ko Taiwan ibwegukira, bugahiga ko bitebe bitebuke, bubwirizwa kwigarurira ico gihugu bufata nk’igice cabwo. Taiwan mu mategeko yamara ni igihugu cigenga: Gifise reta yaco, idarapo ryaco, abasirikare baco n’amafaranga akigenga. Mu bindi bihugu vyagiriza Ubushinwa agasomborotso, harimwo Indoneziya na Vietnam.