Ubushinwa n'Uburusiya Buranegura Inyifato y'Amerika mu Karere ka Koreya

Ubushinwa n’Uburusiya bwifatiye mu gahanga Reta zunze ubumwe za Amerika buyagiriza kuri uyu wa gatatu guteza uruhagarara mu karere ko mw’izinga rya Koreya.

Mu nama rusangi ya ONU, ambasaderi w’Ubushinwa muri ONU, Zhang Jun, yavuze ko uruhagarara rurangwa muri iryo zinga rwatewe na poritike za Amerika. Yasavye ko ibihano vyafatiwe Koreya ya ruguru bibwirizwa gutezurwa.

Icegera ca ambasaderi w’Uburusiya muri ONU, Anna Evstigneeva, na we nyene yasavye ko ivyo bihano bikurwaho.

Nayo icegera ca ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU, Jeffrey DeLaurentis yahakanye ivyo vyagirije, avuga nyabuna ko ibihano bihari hamwe n’ibindi biriko birasabwa kwongerezwa vyatewe n’inyifato ya Koreya ya ruguru.

Amerika yiteze ko Koreya ya ruguru, yagerageje za misile zitari nke uyu mwaka, yiteguye kwongera kugerageza ikindi gisasu ca Nikereyeri.

@AFP