Umwami w’Ububirigi, Philippe, yemeye kuri uyu wa gatatu ko intwaro y’igihugu ciwe muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo mu gihe c’ubukoroni yateye imibabaro mu banyagihugu, agasuzuguro, ivangura hamwe n’urwanko rushingiye ku rukoba.
Hari mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka ya Congo, mu rugendo rw’imisi itandatu arimwo muri ico gihugu.
Umwami Philippe yashitse i Kinshasa ku musi wa kabiri ku muhingamo, kandi uru rugendo rubonwa nk’akaryo ko kurekuriranira hagati ya Congo hamwe n’Ububirigi bwahoze buyikoroniza.
Abize ivya kahise bavuga ko amamiriyoni y’abantu bishwe urw'agashinyaguro, bacibwa ibihimba canke bicwa n’ingwara igihe baba bariko barakora mu mirima y’abakorini. Ubutare bwarasahuwe.
Vyitezwe ko umwami Philippe ashikiriza ijambo muri kaminuza y’i Lubumbashi ku musi wa gatanu.
Ku musi w’Imana, azogendera ibitaro vya muganga avura abagore, Denis Mukwege, yahawe agashimwe kitiriwe Nobel mu 2018 kubwo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi, mu gisagara ca Bukavu mu buseruko bw’igihugu.
Urugendo rwiwe ruje mu gihe Ububirigi buriko buritegura gusubiza Congo iryinyo rya Patrice Lumumba.
@AFP