Igisirikare ca Kameruni Cafashe Abasirikare Bagirizwa Ubwicanyi

Igisirikare ca Kameruni catangaje ko cafashe abasirikare baco 4 bagandaguye abasivile 9.

Mu bantu abo basirikare bagandaguye harimwo abakenyezi bane n’uruyoya. Umuvugizi w’igisirikare avuga ko abo basirikare bamijagiye amasasu mu banyagihugu inyuma y’aho bankiye kubafasha kurondera mugenzi wabo yari yaraburiwe irengero muri ako gace kagwiriyemwo abantu bitwaje ibigwanisho.

Itangazo ryasohowe n’igisirikare kuri uno musi wa kabiri, rivuga ko abanyagihugu muri ako gace bari bafise inyifato zidahumuriza abo basirikare, ivyo bica bituma abasirikare barasa muri abo banyagihugu ata bigwanisho bari bafise.

Urwo rwandiko rudasanzwe rushira ahagaragara amabi yakozwe n’inzego z’igisirikare, rwerekana ko abakenyezi bane, abagabo bane n’uruyoya rw’amezi 18, ari bo bishwe, mu gihe umwana w’imyaka 12, yakomeretse.

Igisirikare kivuga ko abanyagihugu bavuze ko bategekwa kuvuga aho abarwanya ubutegetsi binyegeza. Yamara ko batinye kuhavuga kubera banka ko bibagirako ingaruka mbi.