OMS: Covid-19 Yagabanutse Ariko Ntirahera

Umukuru wa OMS, Dr Tedros

Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, ritangaza ko ibiharuro vy’abandura virusi ya Corona n’ivy’abo iyo virusi ihitana vyagabanutse kw’isi hose ugereranije n’uko vyari uwo mugera uciyadukiza.

Umuyobozi wa OMS, Dr.Tedros Adhanom Ghebreyesus, naho biri uko agabisha avuga ko umugera wa Corona ataho uraja: Yemeza ko hakiri umuriyari w’abantu bataricanadagisha. Hambavu yabo, hari n’abo avuga bo batanguye kurambirwa no kwipimisha hamwe no ku kwikingira.

Hagati aho, ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu Buhindi butangaza ko abandura muri ico gihugu cari kimaze igihe kiza imbere mu bihugu bivugwamwo ubwandu bagabanutse cane.

Kaminuza ya Johns Hopkins ikurikirana amakuru y’ubwandu bwa Corona ku musi ku musi, yemeza ko kw’isi yose abanduye Corona barenga imiriyoni 531, abo yahitanye bakarenga imiriyoni 6 n’ibihumbi 300 mu gihe abamaze kwicandagisha barenga imiriyari 11 na miriyoni 66.