USA: Perezida Biden Yinginga Abashingamateka Kwemeza Ametegeko Ahagarika Ubwicanyi

Iduka ridandarizwamwo inkoho i Salem, muri Oregon.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yinginze congres ya Amerika kwemeza ingingo n’amategeko azohagarika ubwicanyi kivunga bumaze imisi bwiha inkumbi mu miryango y’abanyamerika.

Mw’ijambo yashikirije abanyamerika kuri uyu wa kane yasavye congress gusubizaho itegeko ryo mu 1994 ryabuza gutunga inkoho zirasa amasasu menshi mu mwanya muto, hamwe n’izifise ububiko bujamwo amasasu menshi, itegeko ryataye igihe kuva mu 2004.

Yasavye ko abemererwa kugura inkoho bakwiye kuba bashikana imyaka 21 kuko umusore yarashe abana kw’ishure ry’intango mu gisagara ca Uvalde, muri Texas, ariho yari agishikana imyaka 18.

Perezida Biden yagiye kure asaba amatohoza yimbitse ku wushaka kugura inkoho, guha ububasha abategetsi bwo gufata inkoho z’ababonwa ko ari intambamyi ku mutekano canke afise ibimenyetso vy’ingwara zo mu mutwe.

Izi ngingo asaba zisa n’izitazokwemezwa na congres iciwemwo ibice muvya poritike, aho abashingamateka hamwe n’abasenateri bamaze imyaka badahuza ku mategeko agenga gutunga inkoho muri Amerika.