Burundi: Igiporisi Cagiriza Bamwe mu Bajejwe Umutekano Kuwuhungabanya

Bamwe mu batawe muri Yompi

Igiporisi c’Uburundi gisigura ko hari bamwe mu bagize inzego z’umutekano basigaye bakoresha ibikoresho vy’akazi mu guhungabanya umutekano, mu kunyuruza abantu no kubasahura utwabo.

Umuvugizi w’igiporisi, Pierre Nkurikiye, yabitangarije i Bujumbura, amaze kwerekana abagabo 8 bafashwe muri ubwo buryo. Kuva mu kwezi kwa 1 uyu mwaka, abanyagisagara ca Bujumbura ntibahengeshanije kwidoga no kwitura igiporisi bavuga ko hari abantu bambaye impuzu za gisirikare n’igipolisi bafise inkoho bagize umugwi w’abasuma utaramenyekana.

Igiporisi cemeje ko abo bafashwe ari bo basiga urubwa inzego z’umutekano maze zikagirizwa ko ari zo zihohotera abanyagihugu. Gisigura ko bazohanwa bimwe vy’akarorero. Inyuma y’amatohoza, bazoca bashikirizwa ubutungane. Abibwe muri ubwo buryo bahamagarirwa kwitura ubutungane kugira basubizwe utwabo.

Ibintu vy’agaciro n’amafranga yari amaze kwibwa arenga imiliyoni 200 y’amarundi.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: Bamwe mu Bajejwe Umutekano Bagirizwa Ubusuma