Abimukira 75 mu Bari mu Bwato Bwazamye Baburiwe Irengero

Irengero ry'abantu 75 ntirizwi, inyuma y'uko ubwato bwarimwo abimukira buzamye uno musi ku wa gatatu mu mazi y'ibahari Mediterane yegereye igihugu ca Tuniziya, nk'uko bitangazwa n'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira, OIM.

Ubwo bwato bwari bwuzuyemwo abimukira buvuye mu gisagara ca Libiya bwibiye mu mazi y’ibahari Mediterane hafi y’igisagara ca Sfax muri Tuniziya. Bibaye mu gihe ibitigiri vy’abimukira bagerageza kuja mu karere k’i Bulaya baciye mw’ibahari Atlantike bitera vyiyongera.

Ishirahamwe ryita ku mpunzi n'abimukira, OIM, ritangaza ko abantu 24 batabawe igihe iyo mpanuka yaba. Umutegetsi ajejwe umutekano mu gihugu ca Tuniziya yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abongereza, Reuters, ko abajejwe kugenzura imbibe zo mu mazi batoye ikiziga c’umwe mu bimukira mu gihe babandanya kurondera abandi bantu 75 irengero ryabo ritazwi.

Mu mezi ya vuba abantu batari bake barasomye nturi mu mazi y’ibahari Mediterane hafi y’igihugu ca Tuniziya. Ni mu gihe ibitigiri vy’abimukira bagerageza kuva muri Tuniziya na Libiya bagana igihugu c’Ubutaliyano bitera vyiyongera.

Abimukira ibihumbi amajana n’amajana baragerageje kujabuka amazi y’ibahari Mediterane mu myaka ya vuba. Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi, HCR, ryerekanye ko abimukira barenga ibihumbi 123 bashitse mu Butaliyano mu mwaka w’i 2021, umuntu abageraranije n’abarenga 95.000 mu mwaka w’i 2020.