Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yashitse kuri uyu w’Imana mu Buyapani. Ni urugendo rwa mbere agize ku mugabane wa Aziya nka perezida, kandi ni mu gihe Koreya ya ruguru ihiga kugerageza ikindi kigendajuru ca misile.
Ategekanya kubonana n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Fumio Kishida kuri uyu wa mbere, aho agaragaza umugambi wo gukorera hamwe urudandaza uzoba urongowe na Amerika.
Uru rugendo rubaye mu gihe ubutunzi bw’Ubushinwa bwahungabanijwe na Covid-19. Amerika ivuga ko rutumbereye kugumana ububasha muri ako karere mu bisata vy’urudandaza hamwe na gisirikare.
Ariko hari ubwoba ko Koreya ya ruguru ishobora kugerageza igisasu ca misile ca nikereyeri canke ibombe. Abategetsi bavuga ko Koreya ya ruguru gushika ubu yanse kwumvira akamo yatewe na Amerika ko kuganira. Perezida Biden yavuze ko Koreya ya ruguru yanse kandi kwemera gufashwa na Amerika kurwanya Covid-19 iriko irigaragaraza ku rugero runini muri ico gihugu.
Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Wang Yi, na we yavuze kuri uyu w’Imana, ko ahubwo urugendo rwa Perezida Biden muri ako karere ata kindi rugamije atari ugucanishamwo no kubiba intambara mu bihugu vyo muri ako karere.
@AFP