Umukuru w'igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo, Felix Tshisekedi avuga ko yaroye mu Burundi kuraba uko ashobora gutunganya ibikorwa vy'amakoperative y'uburimyi mu gihugu ciwe afatiye ku karorero k'Uburundi hamwe n'ukuraba uko yokwigira ku Burundi mu gutunganya igisirikare.
Mu rugendo yatanguye kuri uyu wa gatandatu azosozera kuri uyu mbere amenyesha ko we na mugenzi we w'Uburundi Evariste Ndayishimiye bazonavugana ku mugambi rusangi wa gari ya moshi uhuza Uburundi, Kongo na Tanzaniya.
Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza
Your browser doesn’t support HTML5