Uburusiya bwavuze kuri uyu wa gatatu ko bwugaye ibiro vy’ikimenyeshamakuru ca reta ya Canada, CBC, biri ku murwa mukuru Moscou. Buvuga ko bubikoze mu kwihora ku ngingo nk’iyo yafashwe na Canada mu guhagarika ikimenyeshamakuru cegukira reta y’Uburusiya, RT.
Umushikiranganji wa mbere, Justin Trudeau, yiyamirije iyo ngingo, avuga ko guhagarika ikimenyeshamakuru gitanga amakuru y’imvaho ku bibera mu Burusiya bibangamira Perezida Vladimir Poutine.
Canada mu kwezi kwa gatatu yarahagaritse ikimenyeshamakuru c’Uburusiya, RT, ivuga ko ibiganiro vyaco ataho bihuriye n’uko uwo mwuga ukorwa muri Canada. Televiziyo RT yarahagaritswe no mu bihugu bitari bike vya Buraya kuva aho igisirikare c’Uburusiya gitereye Ukraine. Yagirijwe gukwirakwiza amakuru ya poropadande.
Canada yamye idahengeshanya kwerekana ko ishigikiye cane Ukraine mu ntambara n’Uburusiya kandi iri mu bihugu vyakoze ibishoboka kugira Uburusiya bufatirwe ibihano.
Uburusiya mu kwihora bwaciye buhana abategetsi amajana bo muri Canada, barimwo abategetsi bakuru bakuru, abashingamateka hamwe n’abamenyeshamakuru.