Abategetsi ba Reta zunze ubumwe za Amerika bavuze ko ikiza ca COVID-19 gishobora kugarukana inguvu zidasanzwe mu ndwi ziri imbere. Bavuga kandi ko abantu bashobora kwongera gusabwa kwambara udupfukamunwa mu bibanza vyugaye.
Iyongerekana ry’abandura COVID-19 hamwe n’abinjizwa mu bitaro vyatumye igihugu gisubira mu mabwirizwa yo kwikingira yatanzwe n’ikigo ca Amerika kijejwe kugenzura no gukinga ingwara zandukira, CDC.
Umuyobozi w’ico kigo, Dr. Rochelle Walensky, yavuze ko abategetsi mu bice vy’igihugu vyongeye kubonekamwo umuvuduko w’abandura basabwe guhimiriza abo barongoye kwambara udupfukamunwa, kwipimisha no kwivuza.
Mu ndwi iheze, umutegetsi wo muri perezidanse ya Amerika ajejwe gukurikirana ivya COVID-19, Dr. Ashish Jha, yaragabishije ko mu gihe c’imbeho kizoza Amerika ishobora kuzosubira mu bibazo vy’abandura ku bwinshi mu gihe Congres itokwemeza ayandi mafaranga y’incanco no kuvura abantu.
Bamwe mu bahinga mu vyo amagara y’abantu bafise ubwoba ko hariko haraboneka ibimenyetso ko Amerika iriko ija mu gice ca gatandatu c’abandura ku bwinshi, bitewe n’ubundi bwoko bwamuka ku bwoko bwa omicron. Dr Walensky yavuze ko mu ndwi zitanu ziheze, abandura biyongereye ibice 26 kw’ijana.
@AFP