Etiyopiya Yarirukanye Umumenyeshamakuru w'Umwongereza

Tom Gardner, The Economist

Tom Gardner, The Economist

Etiyopiya yarirukanye umumenyeshamakuru akorera ikimenyeshamakuru, The Economist, co mu Bwongereza. Ico kimenyeshamakuru gisohoka kabiri mu ndwi, cavuze kuri uyu wa mbere ko yagirijwe kudakurikiza akarangamutima mu bikorwa vyo kumenyesha amakuru no kwifata ukutari ko mu mwuga wiwe.

Kw’itariki ya 13 z’uku kwezi, reta ya Etiyopiya yakuyeko Tom Gardner uburenganzira bwo gukurikirana amakuru, aca ahabwa amasaha 48 yo kuzoba yavuye muri ico gihugu.

Mu kwezi kwa gatanu, mu 2021, abategetsi ba Etiyopiya barirukanye kandi umumenyeshamakuru, Simon Marks, akorera ikimenyeshamakuru The Times, co mu Bwongereza nyene.

Ikimenyeshamakuru, The Economist, cavuze ko Gardner yagendeye intara ya Tigreya, ahavugwa intambara hagati ya reta n’abarobeli bayirwanya kuva mu 2020. Kivuga kandi ko amakuru yatanga kuri Etiyopiya, yarimwo ayerekeye iyo ntambara, kandi ko yakora yubahirije amategeko y’umwuga, agatanga n’amakuru ataho ahengamiye.

Mu ntango z’uku kwezi, ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gukingira abamenyeshamakuru, the Committee to Protect Journalists (CPJ), ryasavye Etiyopiya kurekura abamenyeshamakuru babiri yagirije guhemuka kw’ibwirizwa shingiro. Bashobora kuzocirirwa urwo gupfa.

Mu misi y’imbere y’aho, umukuru wa komisiyo ijejwe agateka ka muntu muri Etiyopiya, Daniel Bekele, yarasohoye urwandiko ku musi mukuru mpuzamakungu w’ubwigenge bwo kumenyeshamakuru. Yarashikirije amakenga kw’ifatwa n’igiporisi ca Etiyopiya, ry’uwundi mumenyeshamakuru, Gobeze Sisay, akunze kuba anegura reta.