Abana barenga imiriyoni 18.5 muri Nijeriya ntibashoboye kuja kw’ishure, kandi abakobwa barenga ica kabiri cabo.
Ikigega ca ONU cita ku bibondo, UNICEF, kivuga ko ibitero ku mashure bikorwa n’abajihadiste hamwe n’abasuma mu buraruko bw’igihugu biri mu vyatumye ibitigiri vy’abana batiga vyiyongera.
Ni kuva igihe abajihadiste ba Boko Haram banyuruza abana b’abanyeshure b’abakobwa 200 bo kw’ishure rya Chibok mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya mu 2014. Ayandi mashure aharurwa mu macumi yaratewe ibitero nk’ivyo hanyuruzwa abanyeshure batari bake.
UNICEF ivuga ko mu mwaka uheze, abantu bitwaje ibirwanisho banyuruje abanyeshure hafi 1.500, aho 16 muri bo bahasize ubuzima.
Amashure arenga 11.000 yarugawe muri Nijeriya ku mvo z’umutekano muke kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri 2020, nkuko UNICEF yabivuze mu kwezi guheze.