Perezida Ndayishimiye: Ntiharagera ko Ubwicanyi bwo mu 72 Bwitwa Jenoside

Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022

Mu Burundi, amashirahamwe yo mu gisata c'ubutungane bunywanisha ashimira perezida w'ico gihugu kubona yaranse ko Reta yemeza ko ubwicanyi bwakozwe muri 1972 bwitwa" Ihonyabwoko ryakorewe Abahutu" iimbere y'uko umurwi CVR urangiza gutohoza kubundi bwicanyi bwahitanye Abarundi mu bindi biringo.

Bamusaba ko mu matohoza uwo murwi wo kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi ukora na cane cane mu gikorwa co kwita izina ubwicanyi bwakorewe Abarundi mu biringo bidasa hoshirwamwo abahinga ba ONU nk'uko igihugu cari caravyiyemeje.

Ku musi wa kabiri w'iyi ndwi, Perezida Ndayishimiye yatangaje ko Reta yaretse kwita ubwicanyi bwa 1972 ihonyabwoko ryakorewe Abahutu kubera yifuza ubutungane kuri bose kandi itoja irafata agace kamwe kamwe mu matohoza y'umurwi CVR mu gihe ubwirizwa kwerakana uko amabi yakozwe mu myaka itandukanye yatunganijwe n'abayateguye.

Aya majambo yatangaje benshi inyuma y’ikiganiro Perezida Evarsite Ndayishimiye yagiranye n’abamenyeshamakuru ubwa mbere inyuma hafi y’imyaka ibiri aroye mu mabanga yo kurongora Uburundi. Icabitumye ni uko kuva igihe cose yamaze ari umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD kugeza yicaye ku ntebe y’umukuru w’igihugu n’ubu ari mu babonetse ku rubuga umurwi CVR uja gucukura ibinogo rusangi vyahambwemwo abantu bishwe mu rwimo rwa 1972 rwahitanye Abahutu benshi kurusha Abatutsi akanawushimira ko ukora igikorwa ciza.

Perezida Neva ku musi wa kabiri akiri mu ntangamarara imbere y’ukwakira ibibazo vy’Abamenyeshamakuru yagarutse ku vyerekeye imirwi ibiri iteganywa n’amasezerano ya Arusha yo muri 2000 yatumye hahagarara intambara zamaze imyaka irenga 10 zihuza igisirikare ca kera kizwi nka FAB cari ciganjemwo Abatutsi n’imirwi y’inyeshamba y’Abahutu yarimwo CNDD FDD wahavuye uhinduka umugambwe uri ku butegetsi kuva muri 2005 kugeza ubu.

Ata mumenyeshamakuru abimubajije, yavuze icatumye hatorwa ingingo yo kutongera ikiringo umurwi CNTB wahora ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo wasezerewe mu kwezi guheze awagiriza ko wari usigaye uryanisha Abarundi aho kubunga yemeza ko wari usigaye wakira amatati yobwirijwe kuja mu masentare ukayiyitirira kandi ukaba wari usigaye utagishira imbere umwumvikano w’abantu.

Niko gukomeza aganira ku bijanye n’umurwi CVR, ujejwe kunywanisha Abarundi. Yamenyesheje ko Reta yifuza ko ibintu bikorwa mu burwaneza ata mishamirano. Yasiguye ikintu ata mutegetsi n’umwe yari bwavuge ariko abantu baha intamatama: icatumye Reta itemeza kuwa 29 ukwezi guheze hibukwa imyaka 50 bukozwe , ko ubwicanyi bwakorewe Abahutu muri 1972 ari ihonyabwoko kandi vyari bitegekanijwe inyuma yaho mu kwa 12 umwaka uheze inama nshingamateka yemereje ko urwimo rwa 1972 rwahitanye Abahutu benshi kurusha Abatutsi ari ihonyabwoko, icemezo yafashe umurwi CVR umaze kwerekana amatohoza wakoze n’uburyo ubwo bwicanyi bwakozwe.

Iryayazwe na kizigenza w’Abarundi ryaguye neza Terrence Mushano, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe AC-Genocide Cirimoso riharanira inyungu z’inkehwa z’Abatutsi rikarwanya n’ivyiyumviro vya genocide mw’isi. Eka na Gervais Nibigira, umwe mu bagize amashirahamwe yigenga akorera hanze y’igihugu akaba n’umucikacumu wo mu bwicanyi bwo muri 1993 bwakurikiriye iyicwa rya perezida Melchior Ndadaye, Umuhutu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu uwo mwaka nyene maze yishwe hakurikira igandagurwa ry’Abatutsi mu gihugu cose, arashima ijambo rya perezida Ndayishimiye. Avuga ko ritanga umwizero mwinshi ku bwiyunge bw’Abarundi.

Umurwi CVR utohoza ku mabi yakozwe mu Burundi kuva muri 1885 kugera muri 2008 aho umurwi wa nyuma wagwanira mw’ishamba washira hasi ibirwanisho. Mugabo kugeza ubu umaze gukora ku bwicanyi bwa 1972 bwonyene. Umukuru w’igihugu yarabajije abawugize impamvu bamwishura nk’uko basiguriye inama nshingamateka ko ari ukwirinda ko amasura n’ibimenyetso bizimangana kubera bwakozwe kera.

Mugabo Mushano asanga ahubwo niba CVR yanka ko amasura, abiciwe n’ababonye ivyabaye badapfa batanze ubuhamya yari ikwiye gutangurira ku vyabaye imbere ya 1972. N’inyuma yo gutangaza ko ubwicanyi bwahitanye Abahutu benshi kurusha Abatutsi muri 1972 ari ihonyabwoko inama nshingamateka ikabishirako umukono haraheze hafi amezi atandatu, umurwi CVR nta bundi bwicanyi uribandako mu matohoza kuko n’ubu uracacukura gusa "ibinogo rusangi vyafubwemwo Abahutu" ico gihe ukanabaza abafise ico babuziko.