Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yavuze kuri uyu wa gatatu ko bigaragara ko ata mahirwe y’amasezerano y’amahoro ariko araboneka vuba ku ntambara y’Uburusiya na Ukraine. Ariko avuga kandi ko ONU itariko iracika intege kandi ikwiye gukora ibishoboka kugira iyi ntambara irangire.
Antonio Guterres, ari kumwe na perezida wa Otrishiya Alexander Van der Bellen, yabwiye abamenyeshamakuru ko ONU iriko irakora ivyo ishoboye kugira ikingire ubuzima bw’abantu, ihungisha abanyagihugu no kubaha imfashanyo bakeneye.
Abategetsi ba Ukraine bavuze ko abasirikare b’igihugu basubije inyuma inteko z’Uburusiya bazikura mu gisagara ca Kharkiv, kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine. Iki gisagara gikorwako ibitero kuva Uburusiya butanguye gutera mu mpera z’ukwezi kwa kabiri.
Perezida wa Ukraine Volodimir Zelensky yanditse ubutumwa kuri Twitter kuri uyu wa gatatu ko yashimye imfashanyo ya gisirikare ingana imiriyaridi 40 z’amadolari yemejwe n’abashingamateka ba Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kabiri. Aya mafaranga abwirizwa kuzokwemezwa na Sena ya Amerika kugira iyi mfashanyo isohoke.