Nijeriya: Abitwaje Ibirwanisho Bishe Abasirikare 7

Bamwe mu basirikare ba Reta muri Nijeriiya

Mu gihugu ca Nigeriya, abasirikare bashika indwi barishwe, abandi babiri barakomereka inyuma y’aho bagwiriye mu mutego w’abitwaje ibigwanisho. Iyo nkuru yatangajwe n’abasirikare ivuga ko ico gitero cabaye ku musi wa kabiri mw’ijoro, igihe abasirikare bo muri Batayo ya 93 baterwa n’abantu bafise ibigwanisho bikomakomeye mu gasagara kitwa Tati ko muri leta ya Taraba.

Umusirikare w’ipete rya Brigadier General hamwe n’umufasha wiwe, bari mu bantu bataratorwa kuva ico gitero kibaye. Umurwi w’abatabazi urimo kubashakisha. Gushika ubu, nta murwi n’umwe uratangaza ko ari wo wakoze ico gitero.

Haraheze imyaka irenga 10 igihugu ca Nigeriya gihanganye n’umurwi wa Kislamu wigumuye, wama wakoze ibitero ku banyagihugu no ku basiriiare muri za reta zitanduakanye zo mu buraruko. (Reuters)