Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigendederanire n’amakungu yasavye umukuru w’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kwitaho amagara y’abantu kwirinda gukoresha ivyo yise amajambo atitondewe. Ni inyuma y’aho anebaguriye ingingo za ruhasha Ubushinwa bwafashe zo kugwanya ikiza ca Covid-19.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ejo ku musi wa gatatu I Beijing, Zhao Lijian yarashigikiye ingingo igihugu ciwe cafashe co kugwanya ikwiragira ry’ikiza ca Covid-19.
Yavuze ko yizeye ko umuyobozi w’ishirahmwe mpuzamakungu rijejwe kwitaho amagara y’abantu, Dr. Tedros Adhanom Ghebreyesus, azoteba akavuga izo ngingo z’Ubushinwa zo kugwanya ikiza ca Covid-19, akwirikije akamaro zifitiye abanyagihugu, ata bindi bindi yisunze.