Urunani mpuzamadini mu Burundi rwiyamiriza integuro y'itegeko rishasha rigiye kugenga amadini muri ico gihugu. Iryo tegeko risubirira iryo mu mwaka wa 2014 nk'urugero riha ububasha ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati gutunganya amatora y'inzego z'amadini atandukanye mu gihe inzego nyobozi bizinaniye kumvikana rikongera rigategeka ko abakuru b'amashengero n'imiburiburi babwirizwa kuba bafise impamyabushobozi ya kaminuza.
Iyo nteguro y’itegeko rishasha yizwe inemezwa n’inama nshikiranganji y’iyi ndwi twaraye turangije. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu vyo ajejwe harimwo itunganywa ry’amadini ari nawe yayizanye asigura ko amashengero cane cane aho kuba icitegererezo co kwigisha gukora neza yahindutse ibibuga vy’indyane n’amatati hagati y’abayoboke bayo hakagera aho batana mu mitwe.
Umuvugizi wa Reta y’Uburundi Prosper Ntahorwamiye yasomye ivyavuye muri iyo nama nshikiranganji yari irongowe na perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko imvo z'ayo matati zishingiye ahanini ku bintu bibiri: ukutumvikana mw’ikoreshwa ry’amatungo n’ivyerekeye uburongozi aho inzego zimwe zimwe zanka kuva mu mabanga iyo ikiringo cazo kirangiye, ibitera amakenga kubwa Ntahorwamiye kuko biboneka ko zifise intumbero yo kunyonora amatungo.
Yemeza ko imishamirano mu mashengero yatumye akenshi igipolisi gihamagarwa gutabara kugira abakirisu ntibahave batana mu mitwe, ico yise uguhungabanya umutekano. Amenyesha ko Reta yasanze hari amashengero menshi akorera ku mpapuro za magendu, ayakora atemerewe n’amategeko, ayatubahiriza intera yategetswe hagati y’ishengero n’irindi. Hari kandi ayigishiriza mu mashure no mubunywero mu gihe ibikorwa vyahagenewe vyugaye, ayadakwije ibisabwa ku bijanye n’isuku, ayatera urwamo mu gihe co kwigisha n’ayatubahiriza amasaha bikabangamira abanyagihugu bahaba, abitwaza amabanga mu mashengero mu guhohotera abayoboke babo, urutonde ni rurerure rw’ibicumuro.
Kuri uyu wa mbere, urunani mpuzamadini mu Burundi rwabwiye Ijwi ry’Amerika ko aya mabwiriza mashasha rutarayaronswa kanuni riko ko rwumvise itangazo rya Reta. Amatohoza yakozwe n’urunani mpuzamadini mu Burundi yerekana ko muri ico gihugu hari amadini n’amashengero arenga 650. Kugeza ubu abakirisu nibo bakiri benshi bakaba bagera kuri 76% , ishengero katolika rikaza imbere ku bice 62% mu gihe aba isiramu bagera ku bice 5% , ibice bisigaye bakaba bacemera imana z’abakurambere.
Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza
Your browser doesn’t support HTML5