Umushikiranganji wa mbere wa Sri Lanka, yatanze imihoho mu gihe umushingamateka wo mu mugambwe uri ku butegetsi yapfuye mu bwicanyi n'uruhagarara bikomeye bitari bwabe kuba hatanguye kuba imyiyerekano y'ukwiyamiriza reta ifatiye ku bibazo bikomeye vy'ubutunzi bigeramiye bikomeye ico gihugu.
Umufasha w’umushikiranganji wa mbere, yemeje ko yashikirije ikete y’ugutanga imihoho Prezida, Gotabaya Rajapaksa. Ni mu gihe abantu batari musi ya 3 bapfuye abandi barenga 150 barakomereka ku musi waranzwe n’ubwicanyi n’uruhagarara.
Umushikiranganji wa mbere, Mahinda Rajapaksa, yatanze imohoho uno musi ku wa mbere inyuma y’uko abantu amajana n’amajana bakomeretse igihe abamushigikiye bitwaje inkoni n’amahiri bateye abarir mu myiyerekano bariko basaba ko we prezida Gotabaya Rajapaksa bakurwa ku butegetsi.
Rohan Weliwita, umuvuguzi w’umushikiranganji wa mbere amenyesha ko kuba yashikirije ikete ry’ugutanga imihoho bizotuma hashirwaho reta y’ubumwe. Kuba yatanze imihoho bisobanura ko reta yasambutse.
Ingingo y’ugutanga imihoho yakwirikiye uruhagarara rwahitanye abantu 3 barimwo umushingamateka. Sri Lanka imaze amezi atari make igeramaiwe n’icikagurika ry’umuyagankuba, ibibazo vy’ibifungurwa, ibitoro n’imiti, mu gihe ico gihugu kigeramiwe n’ibibazo bikomeye cane vy’ubutunzi bitarir bwibonekeze kuva cikukira.