RDC: Abarwanyi ba CODECO Bishe Abantu 35 muri Ituri

Abantu bashika kuri 35 barimwo umwana w’amezi ane barishwe mu gitero cabaye kw’icukuriro ry’ubutare bw’inzahabu muri Ituri, mu buraruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo.

Umutegetsi wo ku mutumba iryo bara ryabareyeko, Jean-Pierre Bikilisende, mu karere ka Djugu, muri Ituri, yavuze ko umuhari w’iterabwoba CODECO ari wo wagavye ico gitero.

Bikilisende yavuze ko bateye ikambi yitwa Blanquette ahari n’icukuriro ry’inzahabu kandi bahasanze ibiziga 29, abandi bantu batandatu bakaba baraturiwe.

Mu gihe ico gitero caba, abateye barasahuye amaduka, biba n’inzahabu abo banyagihugu bari bacukuye basiga baturiye n’amazu yabo.

CODECO, Cooperative pour le Development du Congo, ni umuhari wa poritike ushingiye kw’idini, wemeza ko uhagarariye inyungu z’ubwoko bw’aba Lendu.