Inyuma y’imyaka irenga ibiri igihugu ca Nouvelle Zelande kitemera ingenzi ziza ziva mu makungu bivuye ku kiza ca Virusi ya Corona, kuva ejo ku wa mbere ingenzi zarasubiriye kwemererwa gukora ingendo muri ico gihugu.
Nouvelle Zelande iri mu bihugu vyafashe ingingo zikarishe zo kwirinda ikiza ca Virusi ya Corona biciye mu gukumira ingenzi, Ni igihugu ubundi kigenderwa cane bivuye ku bwiza bw’ibibanza kama bikigize.
Ingenzi zongeye kwemererwa kugendera muri Nouvelle Zelande ni izikomoka mu bihugu birenga 60 birimwo ahanini ivya Buraya n’Amerika. Abanyagihugu bo muri Asutrariya bo bari bamaze indwi nke barasubiye kwemererwa kugendera ico gihugu.
Kwinjira ku butaka bwa Nouvelle Zelande biracari itegeko ko urinda kwerekana ariko ko waronse doze zose za Covid-19, n’igipimo ca Covid-19 cerekana ko ata bwandu umuntu afise.
Ingenzi zo mu Bushinwa no mu Buhindi ziri mu zitaremerwa gusubira kugendera Nouvelle Zelande. Ejo ku wa mbere, indege mvamakungu 43 zarimwo ingenzi zababa 9000 ni zo zururukiye canke zagurukiye ku kibuga c’igisagara ca Auckland kigira kabiri muri Nouvelle Zelande