Abahinga mu gisata c’amagara y’abantu barabandanya amatohoza y’ikiriko gitera hepatite zikaze abana bari hagati y’ukwezi kumwe n’imyaka 16. Abenshi mu bana bariko batorwako hepatite ni abana bo mu bihugu 16, muri vyo harimwo 12 vyo ku mugabane wa Buraya.
Abana barenga 170 bari hagati y’ukwezi kumwe n’imyaka 16 ni bo bamaze gutorwako hepatite z’ubwoko butandukanye kandi ziri ku rugero rwo hejuru. Abenshi mu batoweko iyo ngwara ni abana bo mu Bwongereza. Ahandi hari benshi banduye ni muri Amerika, Canada, Isirayeri n’Ubuyapani.
Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, rivuga ko mu bana banduye, 17 vyabaye ngombwa ko babaha utwuma tubafasha kugira igitigu cabo gikore neza. Kuva amakenga yaja ahabona, umwana umwe ni we amaze kumenyekana ko yahitanywe n’ubwandu bwa hepatite bugiteye amakenga benshi.
Abahinga ba OMS mu vya hepatite n’izindi ndwara zifatira mu bihimba vy’irondoka hambavu ko bavuga ko batazi ikiriko kirabitera, basigura ko amatohoza y’ibanze yerekana ko ata mwana n’umwe vyabonetse ko yoba yatewe hepatite n’ibitandukanye bikunda gutera ubwoko bwa hepatite A, B, C canke E.
OMS isigura ko urucanco rwa Covid-19 uko biri kose rutari mu vyoba biriko bitera hepatite mu bana, kuko mu bariko barandura ari “ bake bamaze gucandarwa.” OMS ivuga ko igiye kuraba ahubwo niba ubu bwandu bwoba bushobora guterwa n’ubwandu bwa virusi yitwa, Adenovirus, ikunze gufata abana ikabatera ibibazo vyo guhema, guhotsa imfungurwa n’ibibazo bifatiye ku bihimba bicishwamwo umwanda muto.
Ubundi ubwandu bwa hepatite mu bana bwahora buri hasi cane. Aha OMS ikibaza iti: “ Uku kugwirirana vyerekana ko abana bariko bandura ari benshi canke ni abatahora batanga amaraporo y’abandura?”