Umukuru w’inama nshingamateka y’Amerika, Nancy Pelosi, ari kumwe n’abashingamateka bane bo mu mugambwe w’abademokrate baraye bagendeye umurwa mukuru wa Ukraine, Kyiv.
Mu mubonano Madame Pelosi yagiranye na Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, yamubwiye ko ata kindi kibagenza atari gushimira Ukraine ku kungene iriko irwanira ubwigenge bwayo, amwemerera ko Amerika izoguma ku ruhande rwa Ukraine kugera intambara iheze.
Abashingamateka baherekeje Pelosi ni Adam Schiff aserukira Reta ya Califoniya, Jim McGovern wa Massachusetts, Gregory Meeks wa New York na Jason Crow wa Reta ya Colorado.
Hagati aho, misile Uburusiya bwateye ejo ku wa gatandatu ku kibuga c’indege co mu gisagara ca Odessa muri Ukraine, yononye aho indege zigurukira ku buryo ata ndege nimwe yohagurukira hatarakorwa.
Ejo ku wa gatandatu kandi mu yaranze intambara y'Uburusiya na Ukraine , Uburusiya bwagerageje kwinjirana mu buseruko bwa Ukraine kugira bwigarurire akarere ka Donbas n’ibice bitatu bikomeye muri ako karere ariko ntivyakunze.
Polisi ya Ukraine ivuga ariko ko hari ibiziga vy’abasivile batatu yatoye mu karere ka Bucha. Ivyo biziga vyari mu kinogo vyari vyafatanijwe amaboko aboshe, amaso nayo apfutse. Umukuru wa polisi y’akarere ka Bucha yemeza ko benshi mu bo batora ibiziga biba biboneka ko bahohotewe kandi umwanya muremure. Nk’abatowe ibiziga ejo, polisi ibandanya ivuga ko bari barashwe mu matwi.
Abategetsi ba Ukraine bemeza ko ibiziga vy’abasivile bimaze gutorwa mu karere ka Bucha birenga 1000.