Abimukira 26 Baburiwe Irengero mu Ibahari y'Atlantike

Indege za Kajugujugu zishakisha abimukira baba bakiriho nyuma y'uko ubwato barimo burohamye

Irengero ry'abimukira berenga 26 ntirizwi inyuma y'uko ubwato barimwo bwibiye mu mazi y'ibahari Atlantike hafi y'amazinga ya Canaries yegukira igihugu ca Espanye.

Umwe mu bimukira yarahasize ubuzima, abandi 26 bakaba bataratorwa gushika muri aka kanya. Iyo mpanuka y’ubwato barimwo yabaye ku musi wa mbere, nk’uko vyatangajwe uno musi n’abajejwe kugenzura imbibe zo mu mazi b’igihugu ca Esipanye. Barashoboye gutabara abantu 34.

Ubwo bwato bwari buvuye muri Sahara yo mu burengero, intara Maroke yiyitirira butwaye abimukira 60.

Abimukira batabawe bashitse ku kibuga c’indege co ku mazinga ya Canaries igihe c’isaha zine zo mu gitondo uno musi ku wa kabiri. Abari muri ubwo bwato bose baturuka muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara.

Ubundi bwato 2 bwari butwaye abantu bagera kuri 63 barimwo abana 2, bwatowe buriko bureremba mu mazi y’ibahari Atlantike mu bumanuko bw’amazinga ya Canaries. Abari muri ubwo bwato bwompi barashoboye gutabarwa.

Amazinga ya Canaries yarakoreshejwe cane mu myaka ya vuba n’abimukira bagerageza gushikira akarere k’Uburaya.