Ebola Yasubiye Kwibonekeza muri Kongo

Ikigo c’igihugu kijejwe gukora ubushakashatsi mu vy’ubuvuzi muri Republika ya Demokarasi ya Kongo gitangaza ko hari umuntu yahitanywe na Ebola.

Nyakwigendera ni umuyabaga w’umuhungu w’imyaka 31 aba mu gisagara ca Mbadaka. Hari haheze amezi ane, ata muntu n’umwe yandura ikiza ca Ebola muri Kongo.

Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw'isi, OMS, rivuga ko ibimenyesto vya mbere kuri uwo muhungu yanduye vyatanguye kumubonekako igenekerezo rya 5 uku kwezi, ariko aza kwitura abaganga inyuma y’indwi. Yashengeye ejo ku wa gatanu.

Igisagara ca Mbandaka uwashengeye yabamwo ni igisagara abanyagihugu babana begeranye cane. Mu 2018 no mu 2020, caravuzwemwo ubwandu bwa Ebola. Uwutwara OMS ku mugabane wa Afurika yavuze ko hari ingingo zija zafashwe kugira ntihagire abandi bandura. Mu ngingo zafashwe, harimwo isekeza ryo gucandaga abanyagihugu.