Macron Aracari Imbere ya Le Pen Bahiganwa mu Matora

Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron aracari imbere y'uwo bahiganwa mu ncuro ya kabiri y'amatora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa, Marine Le Pen, mu vya nyuma biheruka gutohozwa.

Ni inyuma y’uko abo bakandida babiri bahuye bahariye amaso mu yandi ku migambi yabo bafitiye abanyagihugu. Mu gihe hasigaye imisi itatu ngo incuro ya kabiri y’amatora ibe ku musi w’Imana wimirije, bitegekanijwe ko babandanya ibikorwa vyabo vy’ukwiyamamaza.

Macron yagendeye uno musi ku wa kane, ibice biri ku nkengera z’umurwa mukuru, Paris, mu gihe Marine Le Pen yagendeye uburaruko bw’igihugu aho afise abantu benshi bamushigikiye.

Ivyatohojwe vya nyuma vyerekana ko Macron azotsinda n’ibice 56 kw’ijana vy’amajwi mu gihe uwo bahaganwa Marine Le Pen abonwa ko azoronka ibice 44 kw’ijana vy’amajwi.

Yamara haracari igipfungu ku vya nyuma bizoba mu ncuro ya kabiri y’amatora yo ku musi w’Imana, mu gihe ivyatohojwe vyerekana ko ibice 72 kw’ijana vy’abanyagihugu biyandikishije gutora aribo bazotora. Nico gitigiri kiri hasi cane c’abazoba bitavye amatora kuva mu mwaka w’i 1969. ( Reuters)