Ambasade ya Amerika muri ONU Yifatanije n'u Rwanda Kwibuka Abazize Jenoside

Linda Thomas-Greenfield ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU

Ambasade ya Reta zunze ubumwe za Amerika muri ONU ishikiriza ko yifatanije n’abanyarwanda mu kwibuka inzirakarengane zasize ubuzima muri jenoside yabaye mu Rwanda mu mwaka w’1994. Ni mu gihe ejo kuwa gatatu ariho abanyarwanda barangiza indwi yo Kwibuka ayo mabi y’ihonyabwoko.

Ambasaderi wa Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield yavuze ko ONU yibuka abatutsi bishwe hamwe n’abandi bazize kuba batari bashigikiye jenoside. Yavuze ko ONU yifatanije kandi n’abarokotse kandi bakaba barabonye ubwicanyi bwabaye.

Nk’uwavyiboneye ubwiwe, ambasaderi Greenfield avuga ko yiyemeje kutazokwibagira abagandaguwe mu murimwo arimwo muri ONU. Yavuze ko ONU idakwiye kuzongera kutagira ico ikoze mu gihe ubwicanyi nk’ubwo kivunga bwokongera kuba kw’isi. Ashikiriza ko aka ari akaryo ko kwibuka abapfuye, kwongera kwiyemeza gukingira abarokotse, no gukurikirana abakoze ayo mabi.