Abashika 60 Barishwe n'Imyuzure y'Imvura muri Afrika y'Epfo

Amabarabara y'i Durban arimwo imyuzure y'amazi. Isanamu yafashwe kw'itariki ya 12/04/2022

Muri Afrika y’Epfo, abantu 60 barishwe n’imivo y’amazi hamwe n’imisozi y’ubutaka yasenyutse inyuma y’imvura y’isegenya yaguye mw’ijoro ryo kuwa mbere rishira uwa kabiri mu gisagara ca Durban hamwe no mu micungararo y’intara ya KwaZulu-Natal.

Abategetsi bavuze ko ibi bitigiri bishobora kwiyongera na nyaburya ayandi makuru mashasha y’ivyononekaye abandanya ashikirizwa.

Imigende y’amazi yarakwiragiye amabarabara makuru makuru muri ico gisagara. Ibitarurwa vyarabomotse, imodokari ziratwarwa hamwe n’amazu yasenyutse.

Abategetsi b’igisata kijejwe kugenzura ibiza mu ntara ya KwaZulu-Natal, igisagara ca Durban cegukira, basavye abanyagihugu baba mu biyaya kwimukira mu bice bitaramutse. Abatabara mu bihe vy’ibiza bariko bafashanya n’abasirikare mu gukura amanyagihugu mu bice birimwo imyuzure y’amazi.

Imvura nk’iyi yarishe abantu hafi 70 mu kwezi kwa kane mu 2019 muri Afrika y’epfo.

@AFP