Uburundi Bwibutse Imyaka 28 Iheze Perezida Ntaryamira Apfuye

Ku Ntatemwa aho perezida Cyprien Ntaryamira yashinguwe, i Bujumbura mu Burundi

Uburundi uyu musi ku wa gatatu bwibutse imyaka 28 irangiye nyakwigendera Cyprien Ntaryamira, aguye mw'iraswa ry'indege yarimwo na mugenzi we w'u Rwanda, Juvenal Habyarimana n'abandi bategetsi bari kumwe, ryabereye mu kirere c'i Kanombe mu Rwanda, kw'igenekerezo rya 6 ry'ukwezi kwa kane mu 1994.

Perezida Evariste Ndayishimiye n’abandi bategetsi b’Uburundi baraye bitabiriye igitambo cya misa kuri Katedarali Regina Mundi, i Bujumbura, n’umuhango wo gushyira indabo ku mva ya Ntaryamira. Mugenzi wacu Frederic Nkundikije yavuganye na Prezida Sylvestre Ntibantunganya wahoze ari perezida w’Uburundi amubwira uko imihango yagenze.

Your browser doesn’t support HTML5

Ntibantunganya: Uburundi n'u Rwanda Boganira ku Rupfu rwa Ntaryamira