Papa Yasavye Amatohoza ku Bagandaguye Musenyeri Courtney mu Burundi

Perezida Evariste Ndayishimiye aramukanya na Papa Francisko

Reta ya Vaticano n’Umwungere mukuru wa Ekeleziya Katolika batangaje ko abishe uwahoze aserukira Papa mu Burundi babwirizwa kumenyekana imbere y’uko hahimbazwa imyaka 20 iheze yishwe mu kwezi kw’12 umwaka uza.

Musenyeri Michael Courtney, yiciwe mu Minago, ubu ni mu Ntara ya Rumonge mu bumanuko bw’igihugu mu mwaka w’ 2003. Yaguye mu mutego w’abarwanyi bitwaje ibirwanisho bari bahanganye n’abasirikare b’igihugu, ico gihe c’intambara.

Courtney, w’umunya Irlande yari amaze imyaka itatu gusa mu Burundi. Gusa, uyu musenyeri yishwe afise imyaka 58, yumvikanye akatari gake asaba abashamiranye gushira hasi ibirwanisho bakaja mu biganiro.

Ivyo, Papa Francisko n’Umunyamabanga mukuru wa Reta ya Vaticano babibwiye umukuru w’igihugu c’Uburundi mu rugendo yari amazemwo indwi yose ku cicaro gikuru ca Katolika mu gihugu c’Ubutaliyano.

Prezida Evariste Ndayishimiye yijeje Papa Francisko ko amatohoza kuri urwo rupfu agiye kunyaruka.

Igihe yatahuka avuye mu rugendo rwiwe ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu, yavuzeko i Vaticano, banamubajije ingene imigenderanire hagati ya Ekeleziya Katolika n’ubutegetsi yifashe mu gihugu ciwe.

Mu ntureka zadutse mu mwaka w’2015, Abungere ba Ekeleziya Katolika bari bahanuye nyakwigendera Perezdia Petero Nkurunziza kudasubira kwitoza mu kindi kiringo, bari bafise amakenga ko ico kiringo kizotera indyane mu gihugu.

N’inyuma y’intureka, urwego rwa Ekeleziya Katolika rwaranebaguye amatora yashikanye umukuru w’igihugu ahari ku butegetsi. Ibi vyatumye izo nzego zibiri zitarabana ryiza.

Umukuru w’igihugu yishuye Papa Francisko ko ubu imigenderanire yasubiye kunaguka.

Uyu mwaka, Ekeleziya Katolika yiteguriye guhimbaza imyaka 60 iheze intumwa ya mbere ishitse muri ico gihugu guserukira Papa. Ku mwaka uza na ho ni isabukuru y’imyaka 125 iheze Ekeleziya ishitse mu Burundi. Umukuru w’igihugu yaratumiye Papa Francisko muri iyo minsi mikuru.

Urugendo rwa Papa mu Burundi ruheruka mu mwaka w’1990 aho Papa Jean Paul II yahamaze iminsi itatu mu kwezi kw’icenda.

Hamwe Papa Francisko yogendera Uburundi, azosanga Abakristu baragabanutse ageranije n’abari bahari igihe c’uw’imbere yiwe.

Raporo y’Inama nkuru y’Abepiskopi Katolika yerekana ko ubu abakristu ba Katolika bagabanutse kuva ku bice 90% gushika ku bice 61%, n’ayo abakristu b’ayandi madini y’abakizwa bariyongereye gushika ku bice 21% bavuye ku bice 5% vy’Abarundi mu myaka 30 iheze.