Inteko za Tigreya Zemeye Kwubahiriza Agahengwe ka Reta ya Etiyopiya

Ako gahengwe katanzwe ejo ku musi wa kane kazotuma imfashanyo yinjira ikongera igatangwa mu ntara ya Tigreya. Yamara ivyerekeye ukugene ako gahengwe kazokwubahirizwa ku rugamba ntibitomoye.

Reta ya Etiyoypiya yamye itangaza ko imfashanyo irekuriwe kwinjira mu ntara ya Tigreya. Yamara igice gitoyi cayo ni co cashoboye gushika muri iyo ntara kuva inteko za Reta ya Etiyopiya zihavuye mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze w’i 2021.

Abategetsi b’intara ya Tigreya bagirije aba Reta ya Etiyopiya n’ab’intara za Amhara na Afar, ko bazibiye imfashanyo igenewe iyo ntara. Yamara barabihakana.

Ahubwo Reta ya Etiyopiya yagiriza abarwanyi b’intara ya Tigreya, ko ari bo bazibira iyo mfashanyo kubera bateye intara ya Afar irimwo ibarabara ryonyene ryuguruye ku ntara ya Tigreya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU na Reta zunze ubumwe za Amerika vyakiye neza ingingo ya Reta ya Etiyopiya yo gutangaza agahenwe. Iyo ngingo yakwirikiye urugendo i Addis Abeba muri iyi ndwi rw’intunwa idasanzwe ya Amerika mw’ihembe rya Afrika, David Satterfield. (Reuters)