Perezida Biden Yaganiriye n'Abategetsi b'Uburayi ku Ntambara muri Ukraine

Perezida wa Amerika Joe Biden aganira n'abandi bategetsi ku ntambara yo muri Ukraine

Perezida Joe Biden hamwe na bagenzi we b’Abanyaburayi bacuditse baganiriye ku ntambara y’Uburusiya muri Ukraine kuri uyu wa mbere.

Mu kiganiro co kuri telephone camaze umwanya uri munsi y’isaha, Perezida Biden, perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron, shanseliye w’Ubudagi Olaf Scholz, umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano Mario Draghi hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Boris Johnson baganiriye ku gukorera hamwe kuri iyi ntambara.

Perezidanse ya Amerika White House, yavuze ko banaganiriye ku makenga ku mikenyuro y’Uburusiya muri Ukraine hamwe n’ibitero bukora ku basivile. Bemeranije kubandanya bashigikira Ukraine, harimwo no guha imfashanyo abanyagihugu bafise ubwira bwo kurwanira igihugu hamwe n’imfashanyo ku mpunzi ziharurwa mu ma miliyoni zimaze guhunga igihugu.

Ku musi wa gatatu, Perezida, Biden azohaguruka mu rugendo ruzomushikana ku mugabane wa Buraya. Azoba agiye mu nama zibiri za OTAN zizobera i Buruseli mu Bubirigi ku musi wa kane. Mu nyuma azoja muri Polonye kubonana na perezida Andrzej Duda, aho bazoganira ku bibazo vy’impunzi n’iyo ntambara, ku musi wa gatandatu.

Jen Psaki ajejwe kumenyesha amakuru muri White House yavuze ko uru rugendo rwa Perezida rutumbereye kumenya nimba ibihugu vyo mu burengero bikiri ku mugozi umwe kuri iyi ntambara.

@AFP