Ukraine Yoba Igiye Kwemera Kutazokwinjira muri OTAN?

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy ashikiriza ijambo ari i Kiev, ku murwa mukuru wa Ukraine, ku musi w'Imana, itariki 20/03/2022

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yavuze kuri uyu w’Imana ko yiteguye kuganira na perezida w’Uburusiya Vladimir Putin ariko agabisha ko mu gihe ata mwumvikano woboneka bishobora kuganisha mu ntambara ya gatatu y’isi.

Perezida Zelenskyy yabwiye televiziyo yo muri Amerika, CNN, kuri uyu w’Imana ko yibaza ko hatabaye ibiganiro intambara itazigera ihagarara. Yasavye ibiganiro vy’amahoro n’Uburusiya bigarukana ubutaka bwose bw’igihugu hamwe n’ubutungane kuri Ukraine.

Uwurongoye intumwa z’Uburusiya mu biganiro na Ukraine yavuze mu misi iheze ko impande zose ziriko zigana ku kumvikana ku kibazo cateye imbarutso y’iyi ntambara c’uko Ukraine ihagarika ivyo gusaba kwinjira muri OTAN. Isabwa kandi no kutagira aho ibogamiye.

Ni mu gihe mu gisagara ca Mariupol kiri mu minwe y’Uburusiya, ishure ry’imyuga ryari ryahungiyemwo abantu hafi 400 ryatewe n’igisirikare c’Uburusiya. Umukuru w’ico gisagara yavuze kuri uyu w’Imana ko iryo shure ryasambuwe n’ico gitero, ariko amakuru y’aboba barokotse ntazwi.

Uburusiya bwavuze ku musi wa gatandatu ko misile zabwo z’ubuhinga buhanitse zasambuye ububiko bwo mu kuzimu bw’ama misile n’amasasu ku musi wa gatanu mu ntara ya Ivano-Frankivsk, iri mu burengero bwa Ukraine. Amatororokanirizo y’amakuru y’Uburusiya yavuze ko bwari ubwa mbere ivyo birwanisho bihanitse bikoreshwa muri Ukraine kuva iyi ntambara itangura kw’itariki ya 24 y’ukwa kabiri.

Umushikiranganji wa Amerika wo kwivuna abansi Lloyd Austin yavuze kuri uyu w’Imana ko atoshoka yemeza canke ahakane ko ubwo bwoko bw’ibirwanisho bwakoreshejwe n’Uburusiya muri Ukraine. Ariko yongerako ko n’aho vyoba vyarabaye ataco vyohindura kuko Uburusiya bwananiwe gufata umurwa mukuru Kiev.

Ku rundi ruhande, umuhora w’impunzi waruguruwe ku musi wa gatandatu. Abantu 6.623 baravuye mu bisagara bitandukanye muri Ukraine, nkuko vyavuze na Kyrylo Tymoshenko, umutegetsi akomeye mu biro kwa perezida wa Ukraine. Nayo ibiro vya ONU vy’agateka ka zina muntu vyavuze ko gushika ku musi wa gatandatu, abasivile bashika 902 bari bamaze kwicwa n’abandi 1.459 bakomeretse.

@ AP, AFP na Reuters.