Abasirikare b’Uburusiya bateye ibisasu vya bombe kw’ishure ry’utugenegene ryahungiyemwo abagera ku 400 muri Ukraine. Ishure ryatewe n’Uburusiya riri mu gisagara ca Mariupol kiri mu bimaze kwigarurirwa n’Uburusiya.
Indongozi z’igisagara ca Mariupol gikikijwe n’amazi zavuze ko inyubakwa z’ishure ryatewe zasambutse. Amakuru y'abaguye muri ico gitero n'abakirokotsemwo ntarashobora kumenyekana.
Ejo ku wa gatandatu, uburongozi bw’ico gisagara bwari bwatangaje ko abanyagihugu baharurwa mu bihumbi n’ibihumbi bavanywe aho begeranirijwe, batwarwa ku nguvu mu Burusiya.
Vadym Boichenko atwara ico gisagara yavuze ko abatwawe mu Burusiya bagwiriyemwo abana n’abagore, bari binyegeje, agira ati: “ Biragoye gutahura ingene mu kinjana ca 21, hari abantu bashobora gutwarwa ku nguvu mu gihugu kitari rwabo. Ibiriko bikorwa uno munsi, bishusha n’ivyakozwe n’aba Nazis mu ntambara ya kabiri y’isi yose.”
Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy, mw’ijambo yashikirije yavuze ko ibikorwa vy’Uburusiya muri Mariupol vyinjiye mu mateka y’ivyaha vy’intambara bikomeye kandi bubwirizwa kuvyishura.