Ishirahamwe mpuzamakungu ONU uno musi ku wa gatatu ryasavye imiliyaridi 4 n'imiliyoni 270 y'amadolari agenewe igihugu ca Yemeni casinzikajwe n'ingwano. Ayo mafranga agenewe kugabanya ububabare bw’abanyagihugu mu gihe abantu bagera ku 161.000 bashobora kugeramirwa n’inzara muri uyu mwaka w’i 2022.
Ikoraniro ryo gutororokanya ayo mafranga ryateguwe n’ibihugu vy’Ubuswede n’Ubuswise hamwe n’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, rizocira ku mayange abatanga imfashanyo ku bintu Abanyayemeni bakeneye mu buryo bwihutirwa.
Iryo koraniro ribaye mu gihe amakungu arajwe ishinga n’ingwano iriko ibera muri Ukraine. Iyo ngwano yaribagije ibindi bibazo bigeramiye abanyagihugu mu bindi bice bitandukanye vyo kw’isi kuva Uburusiya butanguye ibitero muri Ukraine kw’italiki 24 y’ukwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka.
Abanya Ukraine barenga imiliyoni 3 baramaze guhunga Ukraine. Vyatumye haba impungenge ko ibibazo vyo muri Yemeni bishobora kwibagirwa. Mw’ijambo yashikirije imbere y’uko ikoraniro rigenewe gutororokanya imfashanyo ya Yemeni iba, Carl Skau, aserukira Ubusweda yasavye ibihugu bitanga imfashanyo kutibagira Yemeni mu gihe amakungu ahanze amaso ibiriko bibera muri Ukraine.
Ikoraniro ryo gutorokanya iyo imfashanyo igenewe Yemeni, ryari ryegeranije umuliyaridi n’imiliyoni amajana indwi gusa y’amadolari ku miliyaridi 3 n’imiliyoni 850 y’amadolari ishirahamwe ONU ryari ryasavye. (AP)