Abavyeyi muri Afuganistani Badandaza Abana Kubera Inzara

Kamwe mu kana ko muri Afuganistani

Inzara yugarije imiryango muri Afuganistani iriko ituma imiryango idandaza abana bayo. Igisata c'Ijwi ry'Amerika muri Afuganistani kivuga ko muri ico gihugu, umuntu umwe kuri batatu bugarijwe n'inzara irengeje urugero.

Mu nkuru yihariye kuri iki kibazo, Ijwi ry'Amerika muri Afuganistani ryagendeye umuryango wadandaje akana k'agakobwa kitwa Sideeqa, kadandajwe ku madorali y'Amerika 2000 ku mu nagihugu wa Afuganistani akorera hanze.

Ijwi ry'Amerika rigendera uyu muryango, ryasanze Sideeqa yikinira na bagenzi biwe mw'ikambi, atazi ko arindiriye kudandazwa. Abahaye amajwi Ijwi ry'Amerika batunga urutoke ku bandi bana bagira bati: " Si we wenyene erega azodandazwa! Karya gakobwa gato, kariya, na kariya na bo bazodandazwa! Eka n'uyu ari kw'isoko ku bipfuza kumugura!"

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Ayesha Tanzeem, yishikiye mw'ikambi irimwo imiryango iriko idandaza abana bayo kubera ubukene, yemeza ko benshi mu bo yabonye bamaze kugurishwa canke bakirondererwa aba kiriya bari munsi y'imyaka 10.

Umuvyeyi yahaye ikiganiro Ijwi ry'Amerika nawe yagize ati:" Abana bacu tubaha ibinini kugira bashobore gusinzira igihe baba bariko badusaba inrya barira kubera kigoyi. Twahoze dufise ubuzima, dutunze. Amakuba ni uko aratugwira. Ubu buzima tubumazemwo imyaka itatu."

Ingingo yo kugurisha umwana umwe bakamutoranya mu bo bavukana, abavyeyi bayifata bavuga ko babikora kugira barokore abandi bana baba bafise, baronke ico babafungurira. 90 % vy'abanyagihugu baba muri Afuganisatani bakorera amahera atagera kw'idorali 2 z'Abanyamerika ku munsi. Ababa igice c'abanyagihugu bose ba Afuganistani bugarijwe n'inzara mu gihe abana bagera ku muriyoni barwaye indwara zifatira ku gufungura nabi.