CPI Yahawe Uburenganzira bwo Gutohoza ku Vyaha muri Ukraine

Abacamanza ba CPI i La Haye mu Buholande

Umukuru wa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yavuze kuri uyu wa gatatu ko amatohoza ku bishobora kuba ivyaha vyo mu ntambara muri Ukraine agiye guca atangura ubu nyene inyuma y’aho ibiro vyiwe bishigikwe n’ibihugu 39.

Ibi bihugu birimwo, ibigize ishirahamwe rya Buraya, Ostraliya, Ubwongereza, Canada, Nouvelle Zelande, Ubusuwisi, hamwe n’ibihugu bitari bike vyo muri Amerika y’epfo.

Kharim Khan, umushikirizamanza mukuru wa CPI yari yavuze ku musi wa mbere ko agiye gutanguza amatohoza ku vyaha vyo mu ntambara vyoba vyarakozwe inyuma y’aho Uburusiya butanguriye gutera Ukraine mu ndwi iheze.

Ariko yari akeneye ubwa kubanza guhabwa uburenganzira n’abacamanza b’iyo sentare ifise icicaro i Lahaye mu Buholande.

Khan yavuze ko aya matohoza azokwibanda ku caha cose c’intambara n’icakorewe ikiremwa muntu canke ihonyabwoko vyakorewe ku butaka bwa Ukraine n’umuntu uwo ari we wese.

Ukraine ntiri muri CPI ariko mu 2014 yaremeje ibikorwa vy’iyo sentare. Uburusiya bwo bwarayivuyemwo, bisobanura ko iyo sentare izoburanya abarusiya gusa bazofatirwa mu gihugu cubahiriza iyo sentare.