Reta y’Uburundi irasaba igihugu cy'Ubufaransa kudasubira gufasha ibinyamakuru 'bigwanya ubutegetsi' vyaba ibiri mu Burundi canke hanze.
Umushikiranganji ajejwe igisata co kumenyesha Amakuru mu Burundi Leocadie Ndacayisaba yabitangaje kuri uyu wa gatanu igihe yariko aratanguza umugambi ufashwe mu mugongo n’igihugu c’Ubufaransa wo kunagura ico gisata co kumenyesha amakuru.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru yakurikiraniye hagufi iyi nkuru:
Your browser doesn’t support HTML5